Printpdf Email this page


IVYIZERWA VY’IKORANIRO :
IKORANIRO RYA YAHWEH MURI YAHSHUA
YAHWEH’S ASSEMBLY IN YAHSHUA

 

INTANGAMARARA
Izi nyandikomuzishikirijwe na Beneso muri MASHIYACH nk’incamake y’Ivyizerwa vyahawe Abera bose rimwe gusa (Yuda 1 : 3 ).Tubasavye mugerageze ibi vyizerwa vyacu kandi mugerageze vyose, mugumye ivyiza (1Tesalonike 5 : 21 ).

Dushikirije neza iyi ncamanke y’Ivyizerwa vyacu nk’Ishimikiro ry’Ukwizera kwacu twese dutegerezwa kwisunga.


1.BIBILIYA
Bibiliya ni Igitabo cahumetswe na Yahweh kandi gihishura Ukumenya Umuntu adashobora kwiyigisha.Dutegerezwa kubeshwaho n’ijambo riva mu kanwa ka YAHWEH ( Matayo 4 : 4). « Ivyanditswe( Isezerano rya Kera na Risha ) vyahumetswe na YAHWEH,kandi bifise Ikimazi co kwigisha Umuntu,no kumuhana, no kumutunganya no kumutoza Indero nziza mu Kugororoka » ( 2Timoteyo 3 : 16 ).Bibiliya ni Ukuri kwa YAHWEH kandi ntishobora gusobanurwa nk’uko Umuntu avyishakiye ( 2petero 1 : 20-21 ).Ntidushobora kwongerako canke gukurako ikintu nakimwe ku vyanditswe Vyera ( Gusubira mu vyagezwe 4 : 2 ; 12 : 32 ;Ivyahishuriwe 22 :18-19 ;Imigani 30 : 6 ).

2.DATA
Data niwe wenyene musa yatunganije Iremwa (l’Unique Maitre Concepteur de la Creation ), ryashizwe mu ngiro n’Umwana wiwe mu ntango yaryo ( Imigani 8 : 22 31 ; Ivyahishuriwe 3 : 14 ; Ab’i Korosayi 1 :15-17 ).Izina ry’Umuremyi riboneka mu vyanditse Vyera ni YHWH ryaturwa YAHWEH ( Zaburi 68 : 4 ; Yesaya 42 : 8 ; Yeremiya 16 : 21 ) kandi YAHWEH niryo zina ryiwe ibihe bidashira ( Kuvayo 3 : 14-15 ; Yesaya 63 : 12 ; 66 : 5).Niwe Soko w’Ubukuru n’Ububasha ;kandi Ugukenguruka no gusaba bitumberezwa kuri we musa ( Matayo 4 :10 ; 6 : 9 ; Ab’i Korosayi 1 : 12 Yakobo 1 : 17 ; 1Petero 2 : 5 ).YAHWEHni Impwemu ( Yohana 4 : 24 ) kandi Ugusenga kwose kwerekezwa kuri We ( YAHWEH ) biciye ku Mwana wiwe YAHSHUA MASHIYACH ( Yohana 14 : 6 ; Efeso 5 : 20 ).

Menya Neza : Izina ry’Umuremyi ryatanzwe mu Giheburayo ni : YAHWEH


3.UMWANA
YAHSHUA niryo Zina ry’ Ukuri ry’Umukiza.Bateranije « YAHWEH » na « HOSHUA » , niryo Zina Mose yahaye Yosuwa , Umuhungu wa Nuni ( Guharura 13 : 16 ). YAHSHUArisigura « YAHWEH niwe Mukiza » kuko niwe Mukiza YAHWEH yahaye Abantu ( Ivyakozwe 4 : 12).Turemera n’Umunezero Amazina twahishuriwe na Data Mwiza ari Mw’Ijuru n’Umwana wiwe w’Igitangaza ,Umukiza wacu YAHSHUA MASHIYACH. YAHSHUA ni Umuvugizi ;ni Jambo ( Logos mu Kigiriki ; DABAR mu Giheburayo ) yamyeho kandi yari kumwe na YAHWEH SE WIWE ( Itanguriro 1 :26 ; Yohana 1 : 1-3 ; 8 : 58 ; 13 : 3 ; 1Korinto 10 : 4 ; Ab’i korosayi 1 : 15-17 ).Yasize Icubahiro ciwe mw’Ijuru , yiyambika Ubusa ; yabira Ishusho y’Umuntu w’Umugurano ( Yohana 17 : 5 ; Ab’i Filipi 2 :5-7 ; Abaheburayo 2 : 6-14 ).Yavyawe n’Inkumi ku Bushobozi bwa YAHWEH ( Yesaya 7 : 14 ; 9 : 6 ; matayo 1 : 18 , 23 ; Luka 1 : 26- 38 ) , yaje mw’Izina rya Se : YAH-shua ( Yohana 5 : 43 ).Yabayeho Ubuzima buzira Icaha ( Yesaya 53 : 9 ; 1Petero 2 : 22 ) hanyuma azurwa mu Bapfuye na Se inyuma y’Imisi itatu n’amajoro atatu nk’Uko Ivyanditswe vyera bivyerekana ( Matayo 12 : 40 ,Ivyakozwe 3 : 15 ; 1Ab’i korinto 15 : 3-4 ).None Ubu ari mw’Ijuru , yicaye i Buryo bwa YAHWEH Data wa Twese ( Luka 24 : 51 ; Abaheburayo 1 : 13 ).Niwe atuvugira kuri Data ; niwe Muhuza wa twebwe na Data akongera akaba n’Umuherezi Mukuru ( Abaheburayo 3 : 1 ; 4 : 14 ).Niwe wenyene musa ducako kugira dushikire Data wa Twese ari mw’Ijuru ( Yohana 14 : 6 ).

Menya Neza :
1) Izina ry’Umukiza ryatanzwe mu Giheburayo ni YAHSHUA
2) YAHSHUA yavuga Igiheburayo : Yohana 20 : 16 ; Ivyakozwe 26 : 14


4.MPWEMU YERA
Mpwemu Yera ni Ubushobozi butaboneka ;ni Impwemu , ni Ububasha buva kuri Data babusangiye n’Umwana ( Luka 24 : 49 ; Yohana 3 : 8 ; 14 : 17 ; 15 :26 , 1Ab’i korinto 2 : 10-16 ).Ubwo Bushobozi bushirwa mu Wizera n’Umwana ( Ivyakozwe 2 : 33 , Tito 3 : 6 ) mu Kurambikwako Ibiganza n’Umukurambere ( Umu Elder )inyuma yo kubatizwa mw’Izina rya YAHSHUA ( Ivyakozwe 2 : 38 , 5 : 32 , 8 : 17 ; 19 : 6 ; 1Timoteyo 4 : 14 ; 2Timoteyo 1 : 6 ) kandi ni Umubatizo wa Mpwemu kuko utwinjiza mu Mubiri wa MASHIYACH ( Abaroma 8 : 15-17 ; 1Ab’i Korinto 12 : 13 ; n’Ab’i Galatiya 3 : 28 ).kubw’Ubushobozi bwa Mpwemu Yera buri muri twebwe , turagaragaza Urukundo dufitiye YAHSHUA na DATA mu kwitondera n’Umunezero Amabwirizwa ( Yohana 14 : 15 ; 14 : 21-24 ; Ivyakozwe 1 : 8 ; 1Yohana 2 : 5 ). Mpwemu Yera agereranywa n’Umuyaga ( Yohana 3 : 8 ; Ivyakozwe 10 : 45 ) ; ni Ubushobozi mugabo turemeza yuko inyigisho y’Ubutatu ko tutayisanga muri Bibiliya , iva ku Badayimoni.

5.UMUBATIZO
Inyuma y’Ukwihana kw’Ukuri , Umubatizo wo mu Mazi menshi mw’Izina rikiza rya YAHSHUA ni Igikorwa nkenerwa co kumwiyegurira wese ( Matayo 3 : 13- 17 ; Ivyakozwe 2 : 38 ; 4 : 12 ; 8 : 16 ; 10 : 43 ; 19 : 5 ; Abaroma 6 : 3 ) ; kandi nta rindi zina Agakiza kabonerwamwo atari Izina rya YAHSHUA ( Ivyakozwe 4 : 12 ) ; Ugereranya Uguhamba kameremere kacu ku mubiri ( Abaroma 6 : 3-5 ; Ab’i Kolosayi 2 : 12 ) kandi intango y’Igikorwa mu Bugingo busha kubwa Mpwemu Yera ( Abaroma 7 : 6 ; 12 : 1 ; 1Petero 3 : 21 ).Nta Mubatizo wundi w’Ukuri ubaho atari uwo mw’Izina rya YAHSHUA , utwinjiza mu mubiri Umwe ( Abaroma 12 : 5 ; Efeso 4 : 3-6 ) kandi uduhuza na Benedata benshi b’Umubiri wa YAHSHUA kubwa Mpwemu mu Kwizera kw’Ukuri kumwe biciye kuri YAHSHUA ( 1Ab’i Korinto 12 : 12-14 ).

6.AMABWIRIZWA
Umugambi uhambaye w’Agakiza wa YAHWEH ku Bantu ntushobora kubaho bidaciye ku Mwana Wiwe YAHSHUA MASHIYACH kandi uhishurwa no kwitondera Amasabato n’Imisi mikuru ( Abalewi 23 : 1-44 ; Guharura igice ca 28 na 29).Ibimazi vy’Ibikoko n’Ayandi mategeko yashinzwe n’Abantu yerekeye amiga y’urusengero ntibikiriho ( vyarakuweho ) kuko vyaranguwe na YAHSHUA , Umwagazi wa YAHWEH ( 1 : 29 ; Aaheburayo igice 8 gushika ku gice 10 ).Ubu Ibimazi dusabwa ni ivy’Impwemu ( Abaroma 12 : 1 ; Abaheburayo 13 : 15-16 ; 1Petero 2 : 5 ).Ukugenyerwa kwabaye na bugingo nubu Ukwubaha kugushaka kuva mu Mutima ( Gusubira mu Vyagezwe 10 : 16 ;30 : 6-8 ; Yeremiya 4 : 4 ; 1Ab’i Korinto 7 : 19 ; Ab’i Galatiya 5 : 6 ; Ab’i Filipi 3 : 3).Ubu birashoboka kubwa Mpwemu Yera aba muri twebwe ko twitondera Amabwirizwa kubwo kumwizera ( Gusubira mu Vyagezwe 7 : 9 ; Zaburi 119 : 160 ; Matayo 5 : 17-19 ; 19 : 16-19 ; Efeso 2 : 8-10 ; 1Yohana 1 : 1-5 ; 1Yohana 3 : 21-24 )

7.ISABATO
Umusi ugira Indwi w’Iyinga ( witwa Samedi ) ni Umusi YAHWEH yishiriyeho , kandi ni Umusi utwibutsa Ubushobozi bwiwe bw’Irema nka Mushoboravyose ( Itanguriro 2 : 2-3 ).Isabato ni Umusi wejejwe w’Ikiruhuko ( Kuvayo 20 : 8-11 ) kandi werekeza Ubwenge bwacu (Imbono zacu ) ku Kiruhuko gihebuje kinini c’Imyaka Igihumbi ( Matayo 11 : 28-30 ; Luka 4 : 16-18 ;Abaheburayo 4 : 1-6 ).YAHWEH yatanze Isabato ku Buntu kugira ibe akaryo ko kwemera no kumenya Iremwa ritangaje no gucungurwa ( Mariko 2 : 27-28 ; Abaheburayo 4 : 7-11 ).Iyo tuzirije Isabato , tuba twerekanye ko twizera YAHSHUA nk’Umuremyi kandi nk’Uwatanguye akongera agasozera Umugambi w’Agakiza ( Abaheburayo 12 : 2 ).Ikiruhuko c’Isabato ni ikimenyetso c’Urukundo ; n’Ukugororoka dufitiye YAHWEH ; no kwemera Uburongozi bwiwe ( Kuvayo 31 : 13 ).Iyo dufashe Igice c’Imyanya yacu cagenewe Ikiruhuko n’Ikoraniro tukaruhuka kandi tukagira Ikoraniro ryera , tuba tugaragaje yuko twemera Ubugombe bwa YAHWEH , kandi ko twemera ko aganza Ubugingo bwacu eka n’Ubw’Ibiremwa vyose.Ikiruhuko c’Isabato kigenewe Abantu biwe ( Abaheburayo 4 : 9 ) ; ni Umusi w’Umunezero si Umusi w’Ibikorwa ( Yesaya 58 : 13 ).

8.PASIKA
Ukwibuka Ikimazi kizima ca YAHSHUA MASHIYACH twubahiriza buri Mwaka ku Mugoroba ( Utangurira ) Umusi wa 14 wa Abib mu mpera z’Umusi wa 13 , twisunze Pasika y’ubwambere yatanguriye muri Egiputa Igihe Umumarayika Yamanuka mw’Ijoro ry’Umusi wa 14 (Kuvayo 12 : 13-14 , Abalewi 23 : 5 ).Iyo duhimbaje Pasika twicishije bugufi , tuba dushinze Intahe ko twemeye Amaraso Umucunguzi wacu mwiza yaseshe kubera ibicumuro vyacu ( Guharura 28 : 15-20 ; 1Ab’i Korinto 11 : 23-29 ).Ibimenyetso dukoresha ni ivyashinzwe na YAHSHUA : kurya umutsima utambiwe , bigereranya Umubiri wiwe ( kuvayo 23 :18 ; 1Korinto 10 : 16 ) ;hamwe no kunywa Icamwa c’umuzabibu , Umutobe w’Icamwa c’Umuzabibu ni ikimenyetso c’amaraso yiwe yaseshe ( Gusubira mu Vyagezwe 32 :14 ; Yesaya 65 : 8-9 ; Matayo 26 :27-29 ).Mu gihe ca Pasika turagira Ibirori vyo kwozanya Ibirenge nk’Uko Umucunguzi wacu dukunda yabidutegetse tuba turiko turerekana Urukundo dufitiye YAHSHUA kandi tuba turiko turerekana n’Uguca bugufi dutegerezwa kugirira Benedata ( Yohana 13 : 3-17 ).

9.UMUSI MUKURU W’IMITSIMA ITAMBIWE
Duhejeje guhimbaza Pasika,twipfuza kubaho Ubuzima bwo kwubaha YAHWEH, Ubuzima buzira Icaha mu kwitondera iyo misi ndwi ikurikira yo kurya imitsima itambiwe ( Abalewi 23 : 6 ; Matayo 16 : 12 ; Mariko 8 : 14-15 ; Luka 12 : 1 ; Abaroma 6 : 13-22 ; 1Korinto 5 : 6-8 ).Umusi w’Intangamarara w’Imitsima itambiwe ugereranya gutera intambwe werekeza ku kugororoka no kuva mu vyaha.Rero iyo tariki ya le 15 za ABIB ni igihe tunezerererwa kwitondera ; iyo Sabato itangurira iyo misi ndwi yo kurya imitsima itambiwe.Umusi ugira indwi canke umusi wa nyuma ( umusi wa le 21 za ABIB ) nawene ni isabato ,ukagereranya kuva mu vyaha no mu bugarariji kugira dukurikire ukugororoka kw’Umucunguzi wacu YAHSHUA MASHIYACH ( kuvayo 12 : 15-20 ; Guharura 28 : 17-25 ; Ivyakozwe 20 : 6-7 ).Turakuramwo tunezerewe mu mazu yacu ibintu vyose birimwo umwambiro mu kiringo c’imisi indwi kugirabitwibutse ko dutegerezwa kwiyeza kubw’inyigisho mbi zose zishobora kudutwara mu vyaha ; kubera ni kubw’Ibikorwa vy’umubiri ( bigaragara ) twigirako ivy’Impwemu.Kubw’Umutsima utambiwe turya imisi indwi utwemerera kubw’ingereranyo , kurya umutsima utambiwe w’Ukwezwa n’Ukuri ( 1Korinto 5: 7-8).

10.PANTEKOTE
Umusi wa Pantekote ( SHAVUOTH ) canke Umusi mukuru w’Amayinga ni Isabato ; ni Isabato igira gatatu ya buri mwaka , kandi ni Ikoraniro ridasanzwe ( Abalewi 23 : 15-21 ; Guharura 28 : 26 ).Uharurwa kuva ku musi ukurikira Isabato ya buri ndwi ishika mu gihe c’Imisi mikuru yo kurya imitsima itambiwe.Uharura amasabato indwi , iyinga indwi bikadushikana ku musi ukurikira Isabato ya buri ndwi uzwi kw’Izina rya « DIMANCHE » canke « UMUSI WA MBERE W’IYINGA ».Tuwubahiriza ku musi YAHWEH yagiranira ISezerano n’Inzu ya ISRAEL ku musozi Sinayi ( Kuvayo 24 : 4-8 ).Kandi ni umusi YAHSHUA yasezerana kurungikira Ikoraniro Ubushobozi mvajuru ( Luka 24 : 49 ; Yohana 14 : 26 :Ivyakozwe 1 : 4-8 ) ; Ivyo vyarangutse igihe mpwemu Yera wa YAHWEH yarungirwa hano kw’Isi ku Musi wa Pantekote ( Ivyakozwe 2 : 1-18 ) kugira ngo abane n’Abizera ibihe vyose ( Yohana 14 : 16 ).Pantekote canke Umusi w’Umushuzo werekeza ubwenge bwacu kwiyimburwa rya mbere ry’Impwemu ; ry’Abantu bazoba Umushuzo wa YAHWEH ( Abaroma 8 : 23 ;11 : 16 ; 16 : 5 ; 1Korinto 15 : 20-23 na 16 : 15 ; Yakobo 1 : 18 ; Ivyahishuriwe 14 : 4 ).

11.UMUSI MUKURU W’INZAMBA
Turindiriye n’igishika cinshi Ukugaruka kw’Umucunguzi wacu YAHSHUA MASHIYACH kuko igihe azozira kw’Ijwi ry’Inzamba y’Iherezo n’Akamo ku Mumarayika Mukuru , niho tuzoca duhabwa Igitsibo ( 1Korinto 15 : 22-23,51- 53 ; 1Tesalonike 4 : 14-17 ; 1Petero 5 : 4 ; Ivyahishuriwe 2 : 23 ; 22 : 12 ).Umusi w’Inzamba ni Isabato igira kane ya buri mwaka , ni Umusi wa mbere w’Ukwezi kw’Indwi kandi ni Ikoraniro ryera ( Abalewi 23 : 24-25 ).Utwibutsa kugumiza Impwemu zacu ku vyo mw’Ijuru kugira tuzonezerererwe Ukugaruka kw’Umucunguzi wacu Igihe hazovuzwa Inzamba y’Iherezo ( Luka 21 : 27-28 ). Kuvuza Inzamba bitwibutsa ko ico kimenyetso cahamagara ab’Inzu ya Israel kugira bakorane bitegurire kugenda canke kugira baje mu Ntambara ( Guharura 10 : 1-10 ).

12.UMUSI W’I MPONGANO
Umusi w’Impongano werekeza ubwenge bwacu kuri YAHSHUA yatanze impongano ku bwa twebwe.Tumaze kwiyuzuza ku bwa YAHSHUA ( Abaroma 5 : 6-11 ; 2Korinto 5 : 18-21 ; Ab’i Kolosayi 1 : 19-22 ; Abaheburayo 2 : 18 ), duca tuyagira abandi n’Umunezero Igikorwa ciwe gihambaye.Mugihe Umusi w’icenda w’ukwo kwezi kw’Indwi utangura ku mugoroba kandi Umusi mushasha ukaba utanguye ( Abalewi 23 : 32 ) , duca duhagarika kurya no kunywa amasaha 24 gushika ku mugoroba w’Umusi w’icumi , werekana ko umurango urangiye ( Abalewi 16 : 29-31 ; 23 : 27-32 ; Guharura 29 : 7 ).Ivyo bitwibutsa ku rugezo turiko nk’Abantu buntu kandi bambaye Umubiri kandi ku rugezo twari dukeneye Ikimazi c’Impongano kubwacu arico YAHSHUA.Turindiranye igishika ukurandurwa kwa Satani ( Abaheburayo 2 : 14 ) kandi ko Isi yiyunga na YAHSHUA na DATA arimw’Ijuru ( Ivyakozwe 27 : 9 ; Ivyahishuriwe 20 : 1-3 ).

13.UMUSI MUKURU W’INSAGO
Umusi mukuru w’Insago werekana Ubwami butunganye bw’Imyaka igihumbi bw’Umwami wacu YAHSHUA , buzoshika vuba ( Zekariya 14 : 16 ).Kizoba ari igihe c’Amahoro , c’Ubutunzi , n’Umunezero ku Bwami bwa YAHSHUA buzoshira mu ngiro Amategeko ya Se wiwe YAHWEH , Amategeko azoba yizwe kuburyo bw’Umwihariko mu gihe c’Imisi mikuru y ‘Insago , yerekana Ukwizera kwacu mu bwigenge bwa YAHWEH hanokw’Isi yose. Ikoraniro ryategetswe na YAHWEH kuberaaho yashize Izina ryiwe . Imisi mikuru y’Insago yubahirizwa Ikiringo c’Imisi ndwi guhera ku musi wa Cumi na Gatanu w’Ukwezi kw’Indwi ( kuva le 15 TISHRI gushika le 21 ) ; Umusi wa mbere ni Isabato ya Gatandatu ya buri mwaka ( Abalewi 23 : 34-36 , 43 ; Guharura 29 : 12 ).Iyo misi mikuru y’Insago imara imisi Indwi ; gushirako Umusi mukuru w’Imperuka , YAHSHUA yitondeye ( Yohana 7 : 37 ) ;bica bituma duca duhimbaza Imisi umunani icarimwe.

14.UMUSI MUKURU W’IMPERUKA
Urugezo ruhambaye rw’Umugambi wa YAHWEH ruherahezwa n’Iyimburwa rihambaye ry’Abantu bose babayeho ( Ivyahishuriwe 20 : 5 ) co kimwe n’Urubbanza rudashira rwa YAHWEH ( Ivyahishuriwe 20 : 11-15 ; Abaheburayo 6 : 4 ).Uyu Musi uzwi kw’Izina ry’ « URUBANZA RW »IMPERUKA » ( Matay0 25 : 32 ) , Ugereranywa n’Umusi w’Umunani mu misi mikuru y’Insago , ni ISABATO igira indwi ya buri mwaka yitwa Umusi Mukuru w’Imperuka.Ni igihe c’Agakiza ka nyuma ka YAHWEH ( Abalewi 23 : 36 ;Guharura 29 : 35 ; Yohana 7 : 37-38 ).Niho rero Amajuru masha n’Isi nsha bizoshirwaho ( Yesaya 66 : 22 ; Ivyahishuriwe 21 : 1 ).Uruhererekane rw’Amasabato ya YUBILE rwerekana Umugambi w’Agakiza wa YAHWEH mu gihe twinjiye mu « kiruhuko ciwe ».

15.IMBONEKO Z ‘UKWEZI
Amezi ya Bibiliya atandukanywa n’Imboneko z’Ukwezi gusha ( 2Abami 4 : 23 ;Nehemiya 10 : 33 ; Zaburi 81 : 3 ).Ivyanditswe vyera vyerekana ko imisi y’Ukwezi gusha itangura igihe kizwi iyo Ukwezi gusha kubonetse kwerekana neza aho Ukwezi kanaka kwa Bibiliya gutangurira.Umusi wa Bibiliya utangura kandi ugahera ku mugoroba ( Abalewi 23 : 32 ; Abacamanza 14 : 12 ; Mariko 1 : 32 ). Imboneko z’Amezi zizubahirizwa no mu Bwami bwo mw’Ijuru ( Yesaya 66 : 23 ).

16.ICAHA
Icaha ni kurenga Itegeko rya YAHWEH (1Yohana 3 : 4 ) kandi iyo ata tegeko rihari , nta Caha kihaba ( Abaroma 7 : 7-12 ). Bose bakoze ivyaha ntibabona Ubwiza bwa YAHWEH ( kuvayo 20 : 1-20 ;Gusubira mu vyagezwe 5 : 1-24 ; Abaroma 3 : 23 ).Ingero y’Icaha ni Urupfu ( Itanguriro 2 : 16-17 ; 3 : 19 ;Abaroma 6 :23 ; 1Korinto 15 :22 ;Abaheburayo 9 : 27). Urupfu ni Itiro , ni Ugusubira mu Mukungugu ( Yohana 11 : 11-14 ; Umusiguzi 9 : 5-6 , 10 ; Yesaya 38 : 18 ; Zaburi 115 : 17 ).

17.UGUCUNGURWA
Kubera ko bose bakoze Ivyaha hama bikabazanira Urupfu nicogituma bikenewe ko habaho kwihana ; nukuvuga guhindura uburyo bwa Kera bwo kubaho Umuntu ahonyanga amategeko ya YAHWEH no guhindura Uburyo bwo kubaho buhagaze ku kwubaha ;Umuntu yisunze akarorero ka YAHSHUA MASHIYACH (Matayo 19 : 17 ; Yohana 8 : 11 ; Abaheburayo 6 : 1 ; 9 :14 ).Kugira tube Abidegemvya kubw’Itegeko ryaduhama ; ari rwo Rupfu , dutegerezwa kwemera Ikimazi ca YAHSHUA MASHIYACH nk’Ikiguzi c’Ivyaha vyacu ( Matayo 26 : 26-28 ; Ab’i Kolosayi 3 : 13 ; Abaheburayo 9 : 26 ; 10 :12 ; 1Petero 2 :21-24 ; 1Yohana 1 : 7-10 ).Niwe atuvugira kwa YAHWEH akaba n’Umuhuza wacu na we ( 1Timoteyo 2 : 3-5 ).

18.UKWEZWA
Tumaze kwoga no kwizera YAHSHUA , Turizera yuko ari ivyigiciro kuba Uwera imbere mu mutima n’Inyuma.Umubiri wacu ni Ingoro ya Mpwemu Yera kandi twemera n’umunezero kwitondera Amabwirizwa adutegeka kurya ibitazira gusa dusanga mu balewi 11 no mu Gusubira mu vyagezwe 14.Ukwo ni ukugaragaza Ukugororoka kutwigisha itandukaniro riri hagati y ‘Ivyera n’ibihumanye (2Korinto 6 : 16-18 ).Turi ico twiyumvira kandi dutegerezwa guha Indero Umubiri wacu kugira dutandukanye ibirusha ubugingo bwacu ; Akarorero : Gusoma , Umwanya tumara imbere ya TELEVIZIYO , twumviriza IRADIYO , turi kumwe n’Abagenzi ,n’ Incuti.Dutegerezwa kurya Ibitazira ( Ibidahumanye ) ; kwiyumvira ( penser ) ibintu vyera ; kubaho mu buryo bw’Uwera , kuba Uwera n’Uwugororotse imbere ya YAHWEH.Dutegerezwa kubera Akarorero keza abo mw’Isi ( 1Timoteyo 3 : 7 ) kandi dutegerezwa kuba abejejwe imbere ya YAHWEH ( Matayo 5 : 48 ; 1Korinto 3 : 17 ; 1Petero 1 : 15-16 ; Ivyahishuriwe 21 : 27 ).

19.GUSIGA AMAVUTA
Ikimazi cera ca YAHSHUA catumye Umuntu ashobora gukira Indwara ( Yesaya 53 : 5 ; Yakobo 5 : 13-20 ).Iyo Abakurambere ( Aba ElDERS ) b’Ikoraniro basize Amavuta uwugwaye mw’Izina rya YAHSHUA na YAHWEH , Ugukira Imibabaro yacu kurashoboka iyo duhindukiriye YAHWEH mu Gusenga no mu kumwisunga hamwe n’Impanuro ziwe.

20.IBIGIRACUMI
Ni Umugisha iyo dushobora kwubahisha YAHWEH ivyo dufise ( Imigani 3 : 9 ) kandi ni Igikorwa co Guhimbaza mu gushigikira igikorwa ca YAHWEH n’IBIGIRACUMI n’Amashikanwa ( Abalewi 27 : 30-33 ; Malaki 3 : 8-12 ; Matayo 23 : 23 ; 1Korinto 9 : 1-25 ; 2Korinto 9 : 1-15). Ikigiracumi ni ukuvuga ICICUMI c’Ivyo tuba twaronse. YAHWEH mu bugwaneza bwiwe , yarategekanije Ikigiracumi ca Kabiri kugira turonke Uburyo bukwiye kugira dushobore guhimbaza no kunezerererwa Imisi Mikuru yiwe( Gusubira mu Vyagezwe 14 : 27-29 ; 26 : 12-17 ). Ni Ivy’Umunezero nacanecane ko YAHWEH afise vyose kandi afise n’Ubugwaneza azitwararika ivyo dukeneye vyose.

21.UMUGWANIZI
Niwe isoko ry’Ibibi vyose , niwe yatumye Abamarayika benshi bakororanwa nawe kubera Ubwibone bwiwe :Bose baca bahinduka Abansi ba YAHWEH ( Yesaya 14 : 12-15 ; 2Korinto 11 : 14 ).Satani yihindura Umumarayika w’Umuco ( 1Tesalonike 2 : 18 ) Satani arazibira Inzira zacu / Imigambi yacu ( 2 Tesalonike 2 : 1-12 ) Satani niwe atera akajagari aciye ku nzego zimwe zimwe , aciye mu mashengero ( 1timoteyo 4 : 1-3 ). Satani ni Ikiremwa c’Impwemu kandi yahoze ari Umumarayika yasizwe Amavuta yitwa LUCIFER.Yagize Ubwibone hanyuma aca yirukanwa mw’Ijuru ( Yesaya 14 : 12-20 ; Ezekiyeli 28 :13-19 ; Luka 10 : 18 ; Ivyahishuriwe 12 : 7-9 ).Umugwanizi ni Umwansi wa YAHWEH n’Ubwoko bwiwe ( Yohana 8 : 44 ; Ivyahishuriwe 12 : 10 kandi azorandurwa kw’Iherezo ( Yesaya 14 : 18-19 ; Ezekiyeli 28 : 16 ; Abaroma 16 : 20 ; Abaheburayo 2 : 14). Satani agerageza kugwanya Ishingwa ry’Ubwami bwa YAHWEH ( Matayo 4 : 1-11 ). Dufashijwe na YAHWEH turashobora kugwanya wa Mubi agategerezwa kuduhunga ( Yakobo 4 : 7 ).

22.UGUPFA
Abapfuye ntaco baba bazi iyo bari mu mva kandi baba bari mw’Itiro ry’Urupfu mu kurindira Umuzuko ( Yobu 14 : 12-14 ; Daniyeli 12 : 2 ; Yohana 5 : 29 ; 1Korinto 15 :51-56 ; 1Tesalonike 4 : 13-17 ; Abaheburayo 11 : 13,39 ).Ukudapfa ni ikintu turondera ( Abaroma 2 : 7 ; 1Korinto 15 : 53-54 ) kandi kurashoboka biciye ku Gikorwa ca YAHSHUA MASHIYACH ( Yohana 3 : 15 ; Yohana 17 : 2- 3 ; 2Timoteyo 1 : 10 ) . YAHWEH niwe wenyene afise ukudapfa ( 1Timoteyo 1 : 17 ; 6 : 16.Abantu ntamushaha udapfa bafise Zaburi 6 : 5 Zaburi 115 : 17 , Yesaya 26 :19 ).Umushaha urashobora gupfa ( Ezekiyeli 18 : 4 , 20 ; Matayo 10 : 28 ).

23.UMUBIRI W’ABIZERA
YAHSHUA MASHIYACH niwe ntango n’Ibuye ry’Imfuruka ry’Umubiri wiwe- EKLEZIYA. IKORANIRO ni Umubiri w’Abizera bitwa , kuva ku musiwa Pantekote mu vyakozwe n’Intumwa 2 , Abizeye bemeye Ikimazi c’Umukiza wacu dukunda kandi bahinduye Uburyo babaho bisunga Ijambo rya Yahweh ( Matayo 12 : 50 ).Inyigisho n’Ukwitegurira Ubwami bugomba kuza bikorwa n’Uwo mubiri w’Abizera ( 1petero 2 : 5 . 9-10 ; Ivyahishuriwe 1 : 6 ; 20 :6 ).Muri Ekkleziya niho Ingabire za Mpwemu zigaragarira kugira zize zeze Abera mu ntumbero y’Igikorwa C’Ubutumwa bwiza kandi kugira zubake Umubiri wa MASHIYACH ( Efeso 4 : 7-13 ; 1Korinto 12 : 7-10 ;28-30 ). Ikoraniro ni Ahantu Ivyamwa vya Mpwemu Yera bigaragarira ( Ab’I Galatiya 5 : 22-23 ) kandi Imigenderanire yacu n’Abanywanyi b’Umubiri wa MASHIYACH ihuzwa n’Imigenderanire dufitaniye na YAHSHUA ubwiwe ( Matayo 12 : 50 ; 25 : 40 ).Twisunze Imigenzo yashinzwe n’Ikoraniro rya mbere ryatanguye mugihe ca Paulo , bashikibacu bo mw’Ikoraniro bategerezwa kwitwikira mu gihe co gusenga. Paulo asigura ico cigwa c’Iyo migenzo muri 1Korinto 11 : 1-16. YAHWEH niwe Mutwe wa vyose , harimwo na YAHSHUA. YAHSHUA ubu ni Umuherezi Mukuru wacu kandi akaba yambaye mu buryo bw’Ingereranyo Umwambaro ku Mutwe kubw’Ibango ryiwe ( Abalewi 21 : 10 ). Hano kw’Isi , Umugabo ni Ubwiza bwa YAHWEH kandi ntiyitwikira mu mutwe. Ku rundi ruhande Umugore ni Ubwiza bw’Umugabo kandi ategerezwa kwitwikira. Abamarayika isinzi bama bihweza ibikorwa vy’Umuntu akora ( 1Korinto 4 : 9 ).Umugabo niwe Mutwe w’Urugo kandi ategerezwa gukunda Umugore wiwe nk’uko YAHSHUA akunda Ikoraniro ( Efeso 5 : 23-25 ).

24.URUKUNDO
Dutegerezwa kwerekana akarorero keza k’Ukwizera kuzima twigisha.Akarorero kacu ni YAHSHUA MASHIYACH niwe twihatira kwigana mu Gukundana , mu kuvuga ukuri , mu kwicisha bugufi , mu kwizera , mu kwizigira , mu kwihangana , no mu kugirira imbabazi abandi ( Abalewi 19 : 17-18 ; matayo 5 : 6 na 7 ; 22 : 39 ; 1Korinto 6 : 1-11 ; 1petero 2 : 21-23 ).Urukundo ni Urufunguruzo ngirakamaro dutegerezwa kwihatira kugira mu Ngo zacu , mu Makoraniro yacu , aho tubaye . Urukundo gwitaho abandi ntigwikunda. Urukundo rutegerezwa kugaragara muri Benedata aho bari hose kuko ni ikimenyetso c’Ukuri mu bwoko bwa YAHWEH. Twizera yuko Agakiza katanzwe ku Buntu ku Bantu bose . YAHWEH ni we Muremyi wa vyose kandi inzu yiwe yayigize inzu yo gusengeramwo ku Bantu bose ( Yesaya 56 : 7 ; Ivyakozwe 8 : 27-39 ; Ab’ i Galatiya 3 : 28 ; Ab’ i Kolosayi 3 : 11 ).Urukundo rwa YAHWEH gwagaragariye mu kimazi c’Umwana wiwe YAHSHUA MASHIYACH ruriho no kubazoza bose ( Ivyakozwe 3 : 20 ; 22 : 7 ). Mu kumwereka ko tumukunda twitondera Amabwirizwa yiwe ( 1Yohana 2 : 5 ; 5 : 3 ; 2Yohana 1 : 6 ).

IBISABWA KUGIRA UBE UMUNYWANYI
   Kwihana , kubatizwa mw’Izina rya YAHSHUA no kugira Ingabire za Mpwemu Yera ; Izo nizo Ntambuko Umuntu asabwa kugira ngo abe Umunywanyi w’Umubiri wa YAHSHUA ( Ivyakozwe 2 : 38 ). Bose bategerezwa kugira Ubugingo bukura mu Bumenyi no mu buntu muri YAHSHUA , Umwe wese agakorera Agakiza kiwe atinya kandi atetemeka kandi yubaha Itegeko ritunganye ryerekana Uguhinduka kuzima ( Ab’ i Filipi 2 : 12 ;Efeso 4 : 13 ). Umunywanyi wese ategerezwa kumenya ibi nk’Incamake y’Ivyizerwa vy’Ukuri bitangazwa n’Ivyanditswe vyahumetswe na YAHWEH .

[ Kugendera mu Kirenge ca YAHSHUA bishobora kandi gusigura gutereka Ubwanwa . Naho ivyo atari Itegeko , imirongo myinshi ya Bibiliya irerekana ko Ubwanwa bwari mubiboneka vyaranga Umubiri w’Umukiza wacu ( Yesaya 50 : 6 ).kandi Imirongomyinshi irerekana ko Abisirayeli bategerezwa gutereka Ubwanwa ( Abalewi 14 : 9 ; 13 : 29-30 ) , mugabo atari Ubwanwa bushinze ( buhagaze ) ( Abalewi 19 : 27 ). Gutereka Ubwanwa ni Ugushaka kw’Umuntu ].

NIMBA UFISE ICO UBAZA HAMAGARA KURI : 79365506 / 69871035
Elder BUCUMI PASTEUR




© 2007, 2022 Yahweh's Assembly in Yahshua
2963 County Road 233, Kingdom City, Missouri 65262
View us online at: www.YAIY.org
Call Toll Free: (877) 642-4101
Main Line : (573) 642-4100